Nyuma yo gusohora indirimbo yakunzwe na benshi, Msela sellah agiye gusohora iyindi ndirimbo.

0

Umuririmvyi w’umurundi aba muri Leta zunze ubumwe za America abandanya akora neza cane m’umuziki ndundi ” Msela Sellah ” amenyesha aba fans biwe bose ko mumisi iri imbere agiye gusohora iyindi ndirimbo, aho rero nimugihe mumezi aheze yaraheruka gushira ahabona indirimbo yakunzwe n’abatari bake.

Msella

Mumajambo azoba agize ino ndirimbo nshasha, Msella Sellah yatubwiye ko hazoba harimwo ubutumwa bwo guhanura aho avuga ko ngaha kwisi turi ingenzi kubwivyo ngo abarundi bose bakaba bari bakwiye gufatana munda.

UBM News tubibutse ko Uno muririmvyi aho yaganira natwe, yatumenyesheje yuko inyuma yindwi zibiri ko ariho azoca aja muri Studio kuyikora.