UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Sentare y’Afrika y’ubuseruko yahagaritse ibikorwa kubera ata buryo igifise.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Sentare y’Afrika y’ubuseruko yahagaritse ibikorwa vyari bitegekanijwe kubera I Kigali muri ruheshi 2024 kubera iri mu bibazo bikomeye vyo kubura amafranga ikoresha.


Mw’itangazo iyo sentare yashize ahabona kuri uyu wa mbere yaramenyesheje ko imanza zari mu gisata c’iyungururizo zategerezwa kwigwa muri rusama zitabaye zigisuzumwa kubera impamvu y’ikibazo c’uburyo kirangwa muri iyo sentare.

Sentare y’akarere k’Afrika y’ubuseruko imenyesha ko yahisemwo guhagarika ibikorwa vyayo vyari bitegekanije kubera I kigaki mu kwezi kwa ruheshi kubera kubura uburyo ikoresha atabuhari.

Iyi sentare kandi yaboneyeho akaryo ko kumenyesha abo vyega bose cane cane abayitura n’abantu bose muri rusangi ko ata bikorwa vyo mw’isasa vy’ibanze vy’iyo sentare bitegekanijwe muri ruheshi 2024.

Iyi sentare yatanguye muri 1999 icicaro cayo kikaba kiri I Arusha mu gihugu ca Tanzaniya ikana ijejwe gukwirikirana ama dosiye n’imanza vy’ibihugu bigize akarere k’Afrika y’ubuseruko arivyo;Repubilika iharanira intwaro rusangi ya kongo,uburundi,kenya,ouganda,Tanzaniya,sudani y’epfo na Somaliya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments