UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umugambwe APDR urashima ingingo ibuza imodoka gutondera ibitoro

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umugambwe Apdr urashimishwa n’ingingo yaraye ifashwe n’ubugenduzi bukuru bw’igipolisi ihagarika imodoka n’amapikipiki gutondera igitoro kuko babikoze muntumbero yo gukingira umutekano w’abenegihugu.


Inyuma yaho ubugenduzi bukuru bw’igipolisi butangarije ko guhera ejo haheze kuwa kane igenekerezo rya 30 rusama 2024 ata modoka canke amapikipiki birekuriwe gusubira gutondera igitoro ku ma station kireste bumvise ko igitoro kihari kuri station canke cabonetse.nkuko yabishikirije Desiré Nduwimana avugira igipolisi c’igihugu kimenyesha ko babikoze muntumbero yo gutsimbataza umutekano wo mw’ibarabara.muri iryo tangazo yaribukije abagendesha imodoka ko basabwa gusuzuma ingendeshwa zabo ko zirimwo igitoro imbere yuko bafata urugendo kuko bituma imodoka yihagarika mw’ibarabara.
Mu mugambwe Apdr bagize ico bavuga kuri iyo ngingo aho bobo bashimishwa n’iyo ngingo yo guhagarika imodoka gutondera igitoro.

Nkuko babishikirije kuruba rw’uwo mugambwe rwa Facebook,uwo mugambwe uguga ko ushimishwa n’iyo ngingo yafashwe n’igipolisi kuko babikoze mu ntumbero y’umutekano kuko haguma hibonekeza abantu bateza umutekano muke.uwo mugambwe usaba ariko ko ivyerekeye guca amahadabu ku ngendeshwa ziri ku ma station vyoba birabangirwa bakabanza gusigurira abagendesha izo modoka.

Umugambwe Apdr urangiza usaba Leta gukora ukwo ishoboye kose igatorera umuti ikibazo c’ibitoro kandi nayo igasabwa gutubika umukanda mukwifatanya n’abenegihugu mukugabanya ingendo zidakenewe canke zitihutirwa.

Ingingo ibuza abatondera ibitoro ku ma station abatari bake barayineguye kuko iza gutuma ivyahuha bihuhuka kuko hasanzwe hari ikibazo gikomeye c’ibura ry’igitoro.igitera iyo mirongo myishi kuma station ni kubera ata gitoro gikwiye kihari.Leta ikwiye gutorera umuti ikibazo c’igitoro kimaze hafi imyaka ibiri cibonekeza mugihugu nayo kubuza abantu gutondera igitoro siwo muti urama.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments