UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abahembwa na Leta batari kukazi basabwa kwishikana bitarenze ukwezi -Venuste Muyabaga

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi Venuste Muyabaga atera akamo abakozi bahembwa amafranga na Leta batari kukazi kwishikana mukiringo kitarenze ukwezi.Ibi yabishikirije mu nama yakoresheje n’abo mu bushikiranganji butandukanye ejo kwigenekerezo rya 29 rusama 2024.


Umushikiranganji w’abakozi n’akazi Venuste Muyabaga yaraye akoresheje inama n’abo mu bushikiranganji butandukanye mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene akazi kifashe n’ingene kogenda neza.
Muri iyo nama umushikiranganji yaramenyesheje ko imiriyaridi 3 arizo zimaze kumenyekana ko zibwe mu guhembwa abantu batari kubuzi canke batakibaho.muri ayo mafranga yose imiriyoni 52 gusa nizo zimaze kugarukanwa muri konte ya Leta.Ayo mafranga akaba yatanzwe n’abantu bishikanye kugushaka kwabo mu gihe bamenyesheje ko bahembwa amafranga Atari ayabo.

Umushikiranganji Venuste Muyabaga akaba yaciye ashiraho ikiringo c’ukwezi kumwe kugira abakozi bazi ko bahembwe amafranga bazi neza ko batakiri kukazi kuba bishikanye imbere yuko ico kiringo kirangira bitabaye uko abazofatwa ko bahembwe amafranga batari kukazi kandi ntibishikane bazofatwa nk’ibisuma vyivye Leta.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments