Sentare y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko iri Arusha muri Tanzaniya yaraye yumvirije ibirego Leta iharanira intwaro rusange ya Kongo irega urwanda murubanza ruhuza ibi bihugu vyompi.
kongo yagiriza urwanda kuvogera ubutaka bwa kongo mu gukorana n’umuhari m23 mu gihe urwanda rwo ruvyamirira kure.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 nyakanga 2024 i Arusha muri Tanzaniya haratanguye urubanza ruhuza igihugu ca Kongo n’urwanda.
Sentare ya Afrika y’ubuseruko ikaba yarumvirije ibirego Leta iharanira intwaro rusangi ya Kongo irega urwanda aho yagiriza urwanda kuvogera ubutaka bwa kongo mu gushigikira umuhari m23 umaze igihe ukora ibitero mu buseruko bwa Kongo.
Uwaserukiye urwanda muri urwo rubanza Me Émile Ntwari yasavye abacamanza kudaha agaciro ivyo kongo irega urwanda kuko mu mategeko agenga iyo sentare ata manza z’ivyaha ishobora kuburanisha.
ikindi nuko kongo isabwa guhindura ibirego vyose ikabishira mu congereza nk’ururimi rukoreshwa muri iyo sentare.
Umucamanza yari ahagarariye ibikorwa Johanne Masara yamenyeshe ko sentare ya Afrka y’ubuseruko igiye kwihweza no gusuzuma ivyo impande zompi zishikiriza hama hakazofatwa icemezo ku magenekerezo atamenyeshejwe.
Mu nama nkuru ya ONU yakoranye kuwa gatatu igenekerezo rya 25nyakanga 2024,umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi yasavye amakungu gufatira ibihano igihugu c’urwanda kubera umutekano muke kiri guteza mubuseruko bwa Kongo.





Recent Comments