Inyuma yaho umushingamateka Agathon Rwasa atumiwe nk’uwuserukira umugambwe CNL mu kiganiro Ibohore gitunganywa n’Ishirahamwe riharanira agateka kazina muntu FOCODE,kuruhande rwa Nestor Girukwishaka ishavu riraniga bakagiriza ishirahamwe FOCODE gushaka kwivanga mw’itunganywa ry’umugambwe CNL kuko Rwasa atagiserukira umugambwe Cnl uwatowe ari Nestor Girukwishaka.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 nyakanga 2024,ishirahamwe FOCODE Riharanira agateka ka Zinamuntu rikaba rirongowe Na pacifique Nininahazwe ryaratunganihe ikiganiro ‘ibohore’ kizoca ku buhinga ngurukana bumenyi x(twitter).
Ico kiganiro kizoba gifise urufatiro”ubwigenge bwo kugira ama nama burabangamiwe muburundi:kazoza k’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’akahe? Muri ico kiganiro haratumiwemwo abasanzwe baserukira amashirahamwe atandukanye adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’umushingamateka Agathon Rwasa arongoye ishami ritemera uburongozi bwa Nestor Girukwishaka nk’umukuru w,umugambwe CNL .
Kubona ishirahamwe FOCODE ritumira Agathon Rwasa nk’uwuserukira umugambwe CNL vyavyuye agashavu kuruhande ruyobowe na Nestor Girukwishaka aho bagiriza ishirahamwe FOCODE gushaka kwisuka no kwivanga mw’itunganywa ry’umugambwe CNL kuko uwuyoboye umugambwe CNL ari Nestor Girukwishaka.
Muri CNL bakaba banegura ngendo y’ishirahamwe FOCODE Ritazi ko uwuramutswa umugambwe ari Girukwishaka Nestor nkuko babishikirije kurubuga x(Twitter)rw’umugambwe CNL uyobowe na Nestor Girukwishaka.





Recent Comments