Intumwa yamaho y’uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Elissa Nkerabirori yagiriza urwanda gufata mpiri impunzi z’abarundi zahungiye mu rwanda kugira ntizitahuke.ibi yabishikirije kuri uyu wa mbere i Genève mu buswisi.

Mu gihe kuri uyu wa mbere i Genève mu buswisi hari haramutse habera inama nkuru ya ONU igira iya 57 ijejwe agateka kazina muntu,intumwa yamaho y’uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Elissa Nkerabirori yamiriye kure ivyo Fortuné Gaetan Zongo avuga kuvyerekeye impunzi.
Fortuné Gaetan Zongo yamenyesheje ko igihugu ca Tanzaniya kiriko kirahohotera impunzi z’abarundi zahungiye muri Tanzaniya bafashanije na Leta y’uburundi mu gushaka guhungura impunzi z’abarundi ku nguvu ibishobora kubangamira agateka k’impunzi.
Ikindi Fortuné zongo yagarutseko n’ukuntu igihugu c’urwanda citunganije neza mu gufata neza no gukingira umutekano impunzi z’abarundi aho ama kambi yaho ari ayo akarorero.
Ivyo vyose vyashikirijwe na Fortuné Gaetan Zongo Elissa Nkerabirori avyamirira kure aho amenyesha ko ivyo yashikirije ata shingiro bifise kuko kwagiriza ababanyi bitari muvyo ajejwe.
Elissa Nkerabirori yamenyesheje ko naho igihugu c’urwanda giterwa amashurwe ko gifise amakambi y’impunzi z’akarorero ahubwo urwanda ruri mu bituma impunzi z’abarundi zidashobora gutahuka kuko zifashwe mpiri.
Gaetan zongo yaragarutse ku bindi bibazo bitandukanye nk’ivyerekeye abamenyeshamakuru bahohoterwa abandi bagapfungwa aho atanga akarorero ka Sandra Muhoza yafashwe n’iperereza uyu mwa wa 2024,abaharanira agateka kazina muntu bakubagurwa,nta bwigenge buhari bwo gushikiriza ivyiyumviro,imigambwe isenyurwa n’ubutegetsi aho avuga CNl,ingoro z’imigambwe zimaze imisi zibomorwa,guhohotera abantu bikorwa n’igipolisi imbonerakure n’iperereza.
Gaetan zongo amenyesha ko amatora ya 2025 ashobora kugenda nabi ntabe mu mumutekano mbere agasaba amakungu kugumisa ijisho kuburundi muri bino bihe uburundi bugiye kwinjira mu bihe vy’amatora.





Recent Comments