Sentare nkuru ya Rutana yasomye urubanza rw’uwishe umuvyeyi wiwe

0

Sentare Nkuru y’igihugu y’intara ya Rutana, mu rubanza rw’ikibiriraho yaciriye guhanisha umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose uwitwa NDUWIMANA Jean Marie ku caha co kwica umuveyi se wiwe.

Muri urwo rubanza rw’ikibiriraho, abandi bantu babiri aribo NDABANEZE Abel na HARIMESHI Vincent nabo Sentare nkuru ya Rutana yabahanishije umunyororo w’impaga w’imyaka 20 ku bufashacaha(complicité).

Uwundi nawe, NKURUNZIZA Egide (mineur de 17 ans) Sentare yamwejeje kuri ico caha.