Sentare nkuru ya Bujumbura ihejeje gucira urubanza MANIRAKIZA Ezechiel

0

Sentare nkuru ya Bujumbura ihejeje gucira urubanza rw’ugupfungwa imyaka 30 uwitwa MANIRAKIZA Ezechiel yagirizwa gufata ku nguvu umwigeme w’imyaka cumi n’umunani. Uwo ahejeje gusomerwa urubanza yagirijwe kandi ko yakomerekeje yongera kandi araca kimwe mu bihimba vy’umubiri w’uwo mwigeme (agace k’ibere bita imoko).

Muri urwo rubanza, Sentare nkuru ya Bujumbura yahanishije kandi uwo mugabo ko azotanga ihadabu ry’amafaranga y’amarundi 5.647.500 azohabwa uwo mwigeme, mu ntumbero y’ukumweza.

Mu gihe vyoshika uwo mugabo ntarihe iryo hadabu, Sentare nkuru ya Bujumbura yafashe ingingo ko azoca yongerezwa imyaka y’ugupfungwa, ive ku myaka 30 ije ku myaka ibihumbi bine n’amajana indwi n’itandatu (4.706 ans), ico mu butungane bita “Umunyororo w’agatsindikiro.”