UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Sénégal:Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yatesheje agaciro ingingo ya Prezida yo kwigiza inyuma amatora

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yo mu gihugu ca Sénégal yaraye ifashe icemezo co kuvuguruza ingingo Prezida Macky Sall yaheruka gufata yo kwigiza inyuma amatora yari ategekanijwe muri ruhuhuma 2024.N’inyuma yaho hari hamaze imisi haba imyiyerekano yo kwiyamiriza iyo ngingo mbere n’abanyagihihugu batari bake bakasiga ubuzima.Inama nshingamategeko y’ico gihugu ikaba yari yavuze ko amatora azoba muri kigarama 2024.


Iyo sentare ikaba yavuze ko icemezo c’inama nshingamategeka na Prezida vyo kwigiza inyuma amatora muri kigarama 2024 bihonyanga ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ko bahisemwo rero kubifuta.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Jeune Afrique, abagize iyo sentare basanze ariko bigoye ko amatora aba kukiringo cari kizwi n’amategeko ca 25 ruhuhuma kubera umwanya wamaze kurangira ariko bahamagarira inzego zibijejwe gutunganya vuba bwangu amatora ku mwanya mwiza.

Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ya Sénégal yahagarariye inyungu z’igihugu mu kubuza icemezo ca prezida cashobora guta igihugu mu kaga.n’ayandi ma sentare y’Afrika akwiye gufatira akarorero keza kuvyaraye bibaye muri Sénégal.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments