UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Alexandre Niyungeko avuga ko Ubutungane mu Burundi bukiri kure nk’ukwezi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye urunanini rw’abamenyeshamakuru rw’abarundi”UBJ” rukorera hanze y’igihugu kubera batswe uburenganzira bwo gukorera mu Burundi avuga ko ata gishasha bari biteze kuri sentare ntahinyuzwa kw’ipfungwa ry’umenyeshamakuru Floriane Irangabiye.n’inyuma yaho ejo ku musi wa kane sentare ntahinyuzwa yashimangiye ingingo ya sentare y’iyungururizo ya Bujumbura yo kugumiza mu buroko umenyeshamakuru Floriene Irangabiye.uwo mumenyeshamakuru akaba yaraye aciriwe gupfungwa imyaka 10.

kubw’inkuru dukesha I radiyo inzamba agateka kawe,Alexandre Niyungeko arongoye urwo runani agira ayi:«Muri UBJ turababajwe cane rwose n’ingingo ya sentare ntahinyuzwa yafashe ko kugumiza mu buroko umumenyeshamakuru Irangabiye Floriane ikaba iciye urubanza rwa ngonde ngonde rwaciwe rwo kumupfunga imyaka cumi.abacamanza bafashe iyo ngingo barahejeje kwerekana yuko ubutungane bw’uburundi bukiri kure nk’ukwezi.barerekanye koko ko mu Burundi ata mumenyeshamakuru yohirahira ngo aryogore kuko urwiwe rushobora guca rucibwa nkuru ruciriwe uyu mumenyeshamakuru.ibi bihushanye n’ivyari biherutse gushikirizwa mu nama nshikiranganji bivuga ko Leta ikuyeho ibihano vyo gupfunga abamenyeshamakuru mu mwuga wabo».

Tubibutse ko Floriane Irangabiye yar’asanzwe aba mu gihugu kibanyi c’urwanda kuva 2009 aho mbere yari asanzwe akorera I radiyo Igicaniro mu Rwanda.akaba yafashwe mu kwezi kwa 9 muri 2022 aho yagirijwe icaha co guhungabanya umutekano wo hagati mu gihugu ico gihe aka yafashw na Gnerari Aloys sindayihebura aho yari ajejwe umutekano wo hagati mu gihugu mu rwego rw ‘iperereza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments