UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Aba Jenerari babiri nibo bategetse ko Floriane Irangabiye agumizwa mu munyororo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Floriane Irangabiye n’umumenyeshamakuru yar’asanzwe aba mu gihugu kibanyi c’urwanda kuva 2009 aho mbere yari asanzwe akorera I radiyo Igicaniro yo mu Rwanda.akaba yafashwe mu kwezi kwa 8 mu mwaka wa 2022 igihe yari agarutse mu Burundi kuramutsa umuryango.ico gihe yagirijwe icaha co guhungabanya umutekano wo hagati mu gihugu akaba yafashwe na Jenerari Aloys sindayihebura yari ajejwe umutekano wo hagati mu gihugu mu rwego rw ‘iperereza.Aho yari apfungiwe mw’iperereza ry’igihugu yarabajijwe kandi ivyerekeye ifoto yari kumwe na prezida Kagame.


Kugitsure ca Jenerari Ildephonse Habarurema arongoye iperereza na Jenerari Aloys Sindayihebura akora mu biro vy’umukuru w’igihugu mbere akaba n’umuyobozi mwishikira ,sentare ntahinyuzwa yaraye ifashe umwanzuro wokugumiza mu munyororo umumenyesha makuru Floriane Irangabiye mu gupfungwa imyaka 10.

Kubwo amakuru ava muri sentare ntahinyuzwa mbere bigashimangirwa n’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu,bivurwa ko abo ba Jenerari babiri aribo batanze itegeko ry’uko uyo mumenyesha makuru abandanya apfunzwe.

ibi bibaye inyuma yaho Leta yaheruka gufata ingingo mu nama nshikiranganji yuko ata mumenyeshamakuru azosubira gupfungwa ahorwa umwuga wiwe ko bazocibwa amahadabu gusa.kudakwirikiza imanza uko zibereye biratosekaza ishusho y’igihugu mu makungu mbere bigatuma n’abashaka kuzana imitahe yabo batinya kubera akarenganyo kibonekeza mu gihugu.

Ildephonse Habaruremayagiye avurwa muma dosiye menshi harimwo n’ubunyonyezi bw’amafaranga y’agaciro mw’i Banki nkuru y’igihugu BRB.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments