UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Sénégal: Imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Macky sall wa Sénégal

Umukuru w’igihugu ca sénégal Maky sall yaraye afashe ingingo yo kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu yarategekanijwe ku wa 25 ruhuhuma uyu mwaka akaba yamenyesheje ko abanyagihugu borindira ikindi kiranga misi c’uko amatora atunganijwe. ejo rero kuw’Imana abanyagihugu amajana n’amajana biriwe mu myiyerekano kuri uyu w’Imana yo kwiyamiriza ivyo vyashikirijwe na Maky sall mbere bagasaba ko yokinjura kuko igihe ciwe carangiye.

Kubwo inkuru dukesha le journal Afrique sur tv5 Monde, Inyuma yiyo ngingo yo kwigiza inyuma ikiringo cari gitegekanijwe,abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa sénégal n’aba kandida bari biyandikishije bahamagaje imyiyerekano yo kwiyamiriza iyo ngingo ya Macky sall kumurwa mukuru i Dakar mbere bakamenyesha ko bobo bazokwirikiza ikiranga misi cari kizwi n’amategeko.iyo myiyerekano ikaba yaranzwe no guturira amapine no guterana amabuye hagati y’abanyagihihugu n’aba polisi.

Tubibutse ko Macky sall ayoboye Senegal kuva mu mwaka wa 2012 gushika uyu musi.mu kirimgo ciwe igihugu caranzwe no gupfunga abatavuga rumwe n’ubutegetsi,ukubura ubuzi ku rwaruka ruhejeje amasuhure n’izamuka ry’ibiciro ku masoko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments