Leta y’uburundi yaramaze kugiriranira amasezerano y’intangamarara n’ishirahamwe SEACOM Limited rigiye kuzozana umuhora wa internet mu gihugu c’uburundi. Vyatangajwe mu ndwi iheze na Prosper Ntahorwamiye mu gihe yariko ashikiriza ivyavuye mu nama nshikiranganji yakoranye mw’iyo ndwi nyene.
Ntahorwamiye akaba yasiguyeko iryo shirahamwe rizokura uwo muhora wa internet mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Ikindi, ngo bizotuma igiciro ca internet kigabanuka cane ndetse n’umuvuduko ukaba munini. Uwo avugira Leta y’uburundi akaba kandi yemejeko SEACOM izofasha Leta no kunagura ishirahamwe ryo gutumatumanako ONATEL .
Tubamenyeshe ko iryo shirahamwe rigiye kuza gukorera mu Burundi inyuma y’imyidogo myishi y’abanywanyi b’amashirahamwe yo gutumatumanako nka Econet-Leo na Lumitel bitewe n’uko asigaye afise umuvuduko muke wa internet hamwe n’uko imitekero ya internet yadugijwe cane ibiciro mw’uy’umwaka turimwo.
Recent Comments