UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Perezida Ndayishimiye yidogera abarundi batamwubaha bamusuzugura ariko ngo yagera mu bihugu rutura abazungu bakamuha icubahiro cinshi.

UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi aridogera abarundi batamwubaha bamusuzugura ariko ngo yagera mu bihugu rutura nko mu burayi, Amerika, ubushinwa n’uburusiya abarongoye ivyo bihugu bakamuha icubahiro cinshi. Perezida Ndayishimiye yabivugiye kuwa gatatu w’indwi iheze mu ntara ya Ngozi muri komine kiremba.

Perezida Varisito Ndayishimiye yagize ati:
«Nkagenda mu bihugu rutura , ngiye muri Amerika nkaza mbona umukuru w’igihugu ca Amerika turamukanya, Neva wo ku Musama.(…) cawiyumvira rero ka kandi bita Varisito bavuga ngo ngiye kw aba vari, hariya iwacu niko bavuga! Ngo kwaba vari ni hariya! Ukaza ubona ngiye muri Amerika, abajejwe umutekano b’abanyamerika bakanyugururira imodoka , nkaramukanya n’umukuru w’igihugu ca Amerika ka kandi kitwa varisito. Nkava muri Amerika nkaca ngenda I buraya, ukaza ubona umukuru w’igihugu c’ubufaransa ati ndagize bwakeye! Nkava mu bufaransa, nka genda mu bushinwa bakandamutsa! Nkava mu bushinwa nkaja mu burusiya , bakandamutsa! Ka kandi bita Vari! Muga ukaza wumva umurundi ari ngaha nani , umve nani ka Neva ivyo kavuga!»

Bamwe n’abandi bakwirikiranira hagufi politike y’uburundi babona ko kuba Perezida Ndayishimiye yavuze ayo majambo afise impamvu. Iyo nayo akaba yoba yashatse kwibutsa no kwihaniza ibihora bikunda kuvugirwa mu ntamatama n’abo mu ruhande rwo mu mugambwe CNDD-FDD bagendera kw’iragi rya Perezida Nkurunziza basa n’abahanganye nawe aho ngo bamusuzugura kubera ingingo afata zitandukanye zibakandamiza canke zitabaha ubwingenge mu gisata co mu butunzi nk’uko vyari bimeze ku ntwaro y’umuhisi Petero Nkurunziza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments