UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Léonidas HATUNGIMANA avuga ko uburundi buri mu kaga kubera uwuburongoye ariwe Perezida Ndayishimiye ata bushobozi afise bwo kuburongora.

UBM News ads

Léonidas Hatungimana arongoye umugambwe PPD GIRIJAMBO akaba ndetse yahoze ari mu bicocoro vyo mu mugambwe CNDD-FDD avuga ko igihugu c’uburundi kiri ubu mu bihe vy’akaga kubera uwukirongoye iki gihe ariwe Perezida Ndayishimiye ata bushobozi afise bwokurongora abarundi. Hatungimana akabivuga afatiye ku kuntu we n’abagenzi we bamye bazi Perezida Ndayishimiye nk’umuntu atazi gufata ingingo ,umunyabwoba ndetse avuga amajambo menshi maze ibintu bigaherera ngaho.

«Jewe hamwe n’abo turikumwe bo muri PPD GIRIJAMBO ukwo twamye tuvuga nta kintu na gitoye ciza co kurongora igihugu neza twari twiteze kuri Evariste Ndayishimiye.mbere twaranatangaje turanavuga ko ikibazo nyamukuru kuri Evariste Ndayishimiye ari uko atashobora , nta bushobozi afise bwo kurongora igihugu. (…) twebwe twari tusanzwe tumuzi nk’umuntu adafata Ingingo ahubwo , twamubonamwo ikintu c’umuntu w’umunyabwoba , wo kuvuga amajambo menshi hanyuma ibintu bigaherera ngaho mug ntafate ingingo akibera ngaho. Umukuru w’igihugu rero adashobora gufata ingingo , umukuru w’igihugu arushisha amajambo abantu avuga kuvyo basanzwe bazi aho kubitorera inyishu , twebwe twavuga ko uyo muntu atakizovamwo ahubwo uburundi buzoja mu kaga (…)ivyari vyo vyose, twebwe ku myaka itatu iheze, turushirizaho kugirira impuhwe uburundi kuko turavuga ko uburundi buri mu kaga» Niko Léonidas Hatungimana yavuze.

Léonidas HATUNGIMANA akaba yabishikirije kuri uyu w’Imana, aho yari umutumire mu kiganiro «Ugona iki?» ca Radiyo Umurisho ica ku mbuga ngurukanabumenyi. Ico kiganiro kikaba cariko kirabira hamwe aho uburundi buriko bugana ku ntwaro ya perezida Ndayishimiye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments