SAT-B na NIZZO KABOSS bagiye kwugurura Studio yitwa B2K RECORD.

0

Umuririmvyi w’umurundi Sat-b afadikanije na mugenzi we wo mu gihugu c’urwanda NIZZO KABOSS bagiye kwugurura Studio mu gihugu c’urwanda,studio izoba ije gufasha abaririmvyi b’abarundi mu kubateza imbere nkuko SAT-B yashoboye kubimenyesha ku rubuga rwiwe ngurukana bumenyi rwa facebook.
sat-b na nizzo kaboss
SAT-B akaba yamenyesheje ko iyo Studio B2K RECORD izoja ije guteza imbere umuziki w’uburundi aho bazokura abaririmvyi b’abarundi mu burundi hama bakabajana mu rwanda hama bagakorera kuri iyo studio bagakorana kandi n’abaririmvyi bashaka bo muri ico gihugu c’urwanda canke igihugu c’uburundi.
studio b2k
Twobamenyesha ko SAT-B na NIzzo KABOSS basigaye bafitaniye ubucuti budasanzwe muri kino gihe.