Saido Ntibazonkiza yatowe nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa kabiri mu mugwi wa Caen

0

Umukinyi w’umurundi Saido Ntibazonkiza yaraye atowe nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa kabiri mu mugwi wiwe wa Caen,aho yatowe n’abakunzi buyo mugwi wa Caen bivanye n’ubwira n’ubukerebutsi uyo mukinyi amaze iminsi yerekana mu mugwi wiwe wa Caen
saido ntibazonkiza yatowe nk'umukinyi yaranze ukwezi kwa kabiri mu mugwi wa caen

Nyuma yo gutorwa uyo mukinyi akaba yarashimiye cane bakunzi buyo mugwi kubona bamuteye iteka bakamutora,akaba yanashimiye abakinyi bakinana bose kubona babanye neza muri uyo mugwi wa Caen

Tworangiza tubamenyesha ko uyo mukinyi Saido Ntibazonkiza ari umukinyi yagiye muri uyo mugwi mu gihe yaramaze amezi atari make ata mugwi ufise