Thursday, October 6, 2022
HomeSportsIntamba mu Rugamba zaraye zirahiye igihugu ca Mauritanie

Intamba mu Rugamba zaraye zirahiye igihugu ca Mauritanie

Mu mahiganwa yo gukura kuranamwo mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru, Uburundi bukaba bwarahuye n’igihugu ca Mauritanie. Abakinyi Saidi Ntibazonkiza na Yousouf Ndayishimiye na bagenzi babo bakaba bari bashushe cane bashaka istinzi. Uburundi bukaba ari bwo bwatanguye gutsinda igistindo cambere, Mauritanie ica irakigombora.

Baca baja kuruhuka. Abakinyi b’Uburundi bahawe impanuro n’umumenyereza wabo mushasha Jimmy Ndayizeye bakaba baciye baza batazambaye bashiramwo ibitsindo bibiri, Mauritanie irabura ibibaye. Uburundi bukaba bwaciye buduga mu kibanza ca gatatu inyuma ya Maroc na Mauritanie, Centrafrique ikaba iri mu kibanza canyuma muruyo murwi wa E.

Uburundi bukazosubira guhura n’igihugu ca Centrafrique itariki 22 ntwarante 2021, itariki 30 ntwarante 2021 naho Uburundi bukazokina n’igihugu ca Maroc.

Must Read

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye yakuyemwo akarenge mu rubanza rw’uwo aburanira muganga SAHABO.

0
Umushingwamanza Sandra Ndayizeye aburanira muganga Sahabo Christophe yaraye akuyemwo akarenge mu rubanza rw'uyo yaburanira iki gihe apfungiwe mw'ibohero rya Ruyigi. Sandra Ndayizeye akaba yagiriyeko...