UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

SAHWANYA FRODEBU irababazwa n’ukuntu Leta iheruka kuduza igiciro c’igitoro itabanje kuvugana n’abo vyerekeye bose.

UBM News ads

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU urababazwa cane n’ukuntu Leta y’uburundi iheruka kuduza igiciro c’igitoro kandi itigeze ivugana n’abo vyerekeye bose. Phénias NIGABA asanzwe ari icegera c’uyo mugambwe asigura ko ivyo biciro bishasha vy’igitoro bije kubandanya kunaniza abarundi bari basanzwe bari mu bukene.

Ariko yishura ikibazo c’umumenyeshamakuru kijanye n’uko igitoro kiduga no mu bindi bihugu, Phénias NIGABA asigura ko no mu bindi bihugu bakoresha igitoro kandi ko ubuzima bw’abanyagihugu bo mw’ivyo bihugu busanzwe buri hejuru naho igitoro coduzwa igiciro. Akababazwa nuko mu Burundi iyo badugije igitoro, ubushobozi bw’umunyagihugu bwo kugura ibintu buca bumanuka.

Uwo asanzwe ari icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU agasaba inzego za Leta zibijejwe kurikanura ko atabishingira ibiciro uko bishakiye bohava baca bikinga mu kiza hamwe rero nuko Leta yoheba amatagisi ku bintu bimwe bimwe kugira umunyagihugu w’umurundi atezurirwe mu buzima buzimvye ariko acamwo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments