Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeUbutunzi«Kuba abafasha uburundi harivyo basavye Leta ngo ikore nayo ikanana, Abarundi twitege...

«Kuba abafasha uburundi harivyo basavye Leta ngo ikore nayo ikanana, Abarundi twitege kuba turagumye mw’izi ngorane z’ubutunzi» bivurwa n’umwe mu bahinga mu vy’imigenderanire n’ayandi makungu.

Kuva mu mwaka wa 2016, Umuryango w’ubumwe bwa buraya bwarafashe ingingo yo guhagarika imfashanyo y’amafaranga wahora uha Leta y’uburundi bitewe n’uko uwatwara uburundi ico gihe, umuhisi Perezida Nkurunziza yihagiye ikiringo ca gatatu ,ico naco cari kinyuranye n’ibwirizwashingiro ry’uburundi hamwe n’ayandi mategeko. Mu mwaka wa 2022, Uwo muryango waratangaje ko ufuse ibihano vy’ubutunzi wari wafatiye Uburundi kubera ko Iyo Leta yateye intambwe mu bijanye n’agateka ka zina muntu, intwaro ibereye hamwe n’iyubahirizwa ry’amategeko. Ariko naho bitavugiwe hejuru, Leta y’uburundi yoba harivyo yasabwe gukora kugira izo mfashanyo z’amafaranga zisubire kwisuka ku bwinshi mu Burundi, Ivyo Leta yahavuye ifata nk’amananiza kuriyo maze ubumwe bwa buraya nabwo buba buraretse gutanga izo mfashanyo. Umwe mu bigisha za kaminuza ndetse akaba ari n’umuhinga mu vy’imigenderanire n’ayandi makungu abona ko kuba Leta y’uburundi yashimye kudashira mu ngiro ivyo yari yasabwe n’abo bafasha uburundi , bigiye gutuma abarundi baguma mu ngorane z’ubutunzi barimwo iki gihe.

Kubw’imvo z’umutekano wiwe twashimye kumuhindura izina ryiwe, twamwise Masabo Gilbert asanzwe yigisha mu ma kaminuza atandukanye yo mu Burundi akaba kandi ari n’umuhinga mu vy’imigenderanire n’ayandi makungu, tumubajije nyimba imfashanyo z’ubumwe bwa buraya zoba zimaze gutangwa canke zitangwa mu bundi buryo kuri Leta y’uburundi, Agira ati :« Haba namba na gato ntabwo zirya mfashanyo ziradushikira. Leta y’uburundi harivyo nayo yabanje gusabwa gukora nk’uko ubumwe bwa buraya bwari buhejeje kwerekana ishaka ryo gusubira gukorana nayo. Muri ivyo uburundi bwasabwe, harimwo ibijanye no gukomeza intwaro ibereye yubakiye kuri demokarasi, aha turavuga nko gukura imitahe yasohorewe bamwe mu barundi bari mu buhungiro, ukwugurura ibimenyeshamakuru vyahagaritswe ibindi biraturirwa, uguhana abagirizwa amabi yo guhungabanya agateka ka zina muntu, ukwaka ibirwanisho urwaruka rw’imbonerakure rubitunze rutabifitiye uruhusha,gukora ibishoboka vyose kugira abarundi bahunze bagahunguke bose, … mw’ijambo rimwe, Abazungu bashaka ko uburundi bwosubira ku murongo w’ibihugu vyubahiriza intwaro rusangi»

Masabo Gilbert akongera ko kandi ati :«Ivyo vyose Leta y’uburundi yasabwe n’uwo muryango itagize akigoro ngo igire ivyo ishitseko, nta rufaranga na rumwe bashobora kuyiha, Ibibera mu Burundi vyose barabimenya biciye mu vyegeranyo vy’amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu canke ayo mu Burundi akorera mu buhungiro. Ico novuga rero, si ikindi, kuba abafasha uburundi harivyo basavye Leta ngo ikore nayo ikanana, Abarundi twitege kuba turagumye mw’iz’ingorane z’ubutunzi»

Amakuru adushikira aturuka mwa bamwe mu bagumyabanga ba CNDD-FDD avuga ko bamwe mu bategetsi bakomeye baturuka mw’uwo mugambwe harimwo na Perezida Ndayishimiye, asanzwe arongoye uburundi iki gihe bahavuye batunganya inama kugira barabire hamwe kuvyo ubumwe bwa buraya bwari bwasavye Leta y’uburundi kugire isubire gufashwa. Bakaba boba bemeranije ko batazokwihindukiza na gato ku ngingo bafashe. Iyo nayo ni iyijanye no kuticarana canke gukurako imitahe bamwe mu barundi bagirizwa ugutembagaza ubutegetsi bwa Perezida Nkurunziza kuwa 13 Rusama 2015. Kubwabo, ngo bazopfuma baheba izo mfashanyo z’abo bazungu hakwo bicarana ngo n’abashatse kubahekura, maze bahige ibindi bihugu bofashanya nk’uburusiya n’ubushinwa.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments