UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abarundi bababa ibihumbi 10 nibo bamaze gusaba ubuhungiro mu gihugu kibanyi ca Congo.

UBM News ads

Abarundi bababa ibihumbi cumi nibo bariko basaba ubuhungiro mu gihugu kibanyi ca Congo mu kiringo c’amezi abiri gusa. Abenshi muri bo, bagizwe ahanini n’abari barahungutse ariko bongera guhunga agatotezo bavuga ko bakorerwa n’urwaruka rw’imbonerakure. Ico gitigiri c’abasaba ubuhungiro gitera ciyongera, kirateye umutima uhagaze abategetsi ba Congo hamwe n’impunzi z’abarundi zihasanzwe kuko batabona ukwo bagiye kubaho nyarirya imfashanyo z’abagiraneza zagabanutse cane.

Abo barundi basaba ubuhungiro mu gihugu ca Congo baguma bongerekana ukwo bukeye ukwo bwije muri iyi minsi, abenshi muri bob ava mu ntara ya Cibitoke na Bubanza aho bavuga ko bahunga agatotezo bakorerwa n’imbonerakure zo mu mugambwe CNDD-FDD. Umwe mw’abo barundi wo muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke aheruka guhungira mw’ico gihugu ca Congo twavuganye agira ati:« Kubera turi mu mugambwe wa RWASA, uwo nawe muraziko wankana urunuka na CNDD-FDD, twebwe abanywanyi b’uyo mugambwe nitwe tuhagirira ibibazo bikomeye. Imbonerakure ziraza zikatwugururirako aho turyamye, zitubwira amajambo y’iterabwoba ko bazodukorerako hamwe tutokwikebuka ngo tuve inyuma ya RWASA. Tukibaza igicumuro twakoze kuba tuyoboka umunyepolitike yemewe n’amategeko y’uburundi ariko tukakibura. Niko guhitamwo kuyanyaga kuko nta kundi twari bukore»

Abandi mu barundi baheruka guhunguka ariko ubu basubiye guhungira muri Congo bavuga ko agatotezo bakorerwa kera ko ariko basanze nuku kakibandanya arikwo guca bahitamwo nabone gusubira guhunga . Abarundi 1200 bakiriwe muri site ya Mulongwe kuwa 12 Myandagaro 2023, abangana 900 ni abari barahungutse nayo bashasha bakaba ari 300.

Ico gitigiri c’abasaba ubuhungiro gitera congerekana, kirarajwe ishinga abategetsi ba Congo barongoye ako karere eka mbere n’impunzi zihasanzwe kuko bituma hibonekeza akajagari n’ingeso zitabereye nyarirya ata mfashanyo zikwiye izo mpunzi zikironswa kuko izahora zitangwa n’abagiraneza zagabanutse cane.

Uretse abamaze gushikanwa muri site ya Mulongwe, abarundi bariko basaba bubuhungiro muri Congo barengab ibihumbi 8. Amakuru adushikira avuga ko abari mw’ikambi mfatakibanza ya Kamanyola bangana ibihumbi 7, abari I Kavimvira bababa igihumbi, nayo abari ahitwa Monge-Monge barenga 300.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments