Rwasa yarungitse umuvugizi wiwe mu nama y’abadashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza

0

1077350_10201487255601438_1948064328_o

Rwasa agathon ngo ntazitaba ikoraniro ry’abanyepolitique ryamahagawe kuri uyu wa gatatu muri Addis Abeba muri Ethiopie aho hazohurira abatemera ikiringo ca gatatu ca petero Nkurunziza. Amakuru dukesha insamirizi Inzamba ngo uwo mukuru w’umugambwe ashobora kuzoserukirwa n’umuvugizi wiwe Aimee Magera.

Mwomenya ko iyo nama abayitumiwemwo hari n’abari hanze y’igihugu nka Alexis SInduhije atwara umugambwe MSD, Hussein Radjabu avuga ko agitwara umugambwe CNDD FDD, Gen Godefroid Niyombare avuga ko atwara igisirikare  kiri mw’ishamba akandi yanashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Nkurunziza ariko biranka.

Ivy’ukutitaba iyo nama bikaba bivuzwe mu nyuma yaho uwo mukuru w’Umugambwe yitabiye ibikorwa vy’inama nshingamateka yo kuri uyu mbere inyuma yaho avugiye ko atemera ivyavuye muri ayo matora kandi atazoja no muri iyo leta nshasha buca ishingwa.