Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus

0

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus.

Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19.

Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.

Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19.

Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus.

Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19.

Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/

2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/

3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/