UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

RWASA amenyesha ko ata mugambi wo gushinga uwundi mugambwe afise mu gihe hogera mu 2025 CNL itaremererwa gusubira gukora.

Umukuru w’umugambwe CNL amenyesha ko ata mugambi wo gushinga uwundi mugambwe afise igihe amatora ya 2025 y’abashingamateka n’abakenguzamateka yogera umugambwe CNL utoba uremererwa gusubira gukora. Agathon RWASA yabivugiye mu kiganiro cihariye yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika mu gisata cayo co mu Kirundi no mu Kinyarwanda.

Ariko abazwa ukwo azovyifatamwo be n’abanyamugambwe biwe mu gihe amatora yo 2025 yogera bataremererwa gusubira gukora, Agathon RWASA yagize ati: «Nta wota umwanya ngo ariko yiyumvira ibindi, iyo ntwaro yumve ko iriho kubw’abarundi, niyubahirize amategeko bamwe bamwe bakore ivyo bafitiye uburenganzira hisunzwe amategeko. (…) ntawota umwanya ngo ariko aja gufuruguta ivyo afuruguta cane cane ko ingingo umushikiranganji yafashe ni iz’agahotoro, ni iz’akarenganyo, nta n’ububasha yarafise bwo kuzifata»

Uwo atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Gitega akaba yasubiye kwemeza ko atarota yicarana n’akarwi k’abantu cumi bari muri biro poritike vy’uwo mugambwe baherutse kwirukanwa ndetse munyuma batangaza ko bamukuye mu burongozi bwa CNL.

Agathon RWASA akaba asaba umushikiranganji Martin Ninteretse muvyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu umutekano n’iterambere rusangi kumureka we n’abandi banyamugambwe bagatumako ikoraniro kaminuza, akamenyesha kandi ko iryo koraniro kaminuza ariryo ryonyene rishobora gutorera umuti indyane ziri mu mugambwe wiwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments