UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Abasirikare b’uburundi barenga 700 bari muri Somaliya bagiye gutahukanwa mu ntumbero yo kugabanya izo nteko za ATMIS ziriyo.

Abasirikare b’uburundi barenga 700 bari mu gihugu ca Somaliya mu butumwa bwa ATMIS nibo bagiye gutahukanwa mu kwezi kugiye gutangura kwa kigarama. Abo basirikare bazotahukanwa mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yo gusozera ibikorwa vy’inteko mpuzamakungu mu gihugu ca somaliya kugirango umutekano w’ico gihugu ucungerwe n’abasirikare n’abapolisi b’igihugu ca somaliya. Hakazoba hasigaye muri Somaliya mu rwego rwa ATMIS abasirikare b’uburundi badashika 2000.

Igice kimwe c’abo basirikare bagiye gutahukanwa , ni abarenga 250 bakuwe muri batayo ya 68. Ikindi gice kigizwe n’abarenga 400 bakuwe muri batayo ya 69 ya ATMIS . Bazoba batahukanywe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yo gusozera ibikorwa vy’abasirikare bari muri Somaliya. Izo ngabo z’uburundi zikaba zagiye muri somaliya mu mwaka wa 2007 zikaba zagiye zirongererezwa kugeza naho inyuma yo mu 2009 abasirikare b’uburundi barenga 5000 muri somaliya.

Amakuru dukura muri bamwe mu basirikare bari mw’ico gihugu atumenyesha ko abo basirikare batashe hazoba hasigaye muri somaliya ingabo z’uburundi zidashika 2000. Bakavuga ko iryo gabanywa ry’abasirikare rishobora gutuma aba Al-shabab baharonkera akaryo ko gusubira kwigarurira ibindi bice vy’igihugu ca somaliya.

Abo basirikare batahutse baheraniwe kandi agashirukabute k’amezi arenga 11. Ikindi bidogera ni uko igihe barose ako gashirukabute badaheza ngo bavunjirwe neza amafaranga y’amadorare ku giciro co kw’isoko y’ibanki nkuru BRB. Bikaba bitegekanijwe ko ibikorwa vyose vy’inteko mpuzamakungu bibera muri somaliya bizorangura mu kwezi kwa Ruheshi mu mwaka uza wa 2024.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments