UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Russie: Sentare nkuru yemeje ko aba LGBT ari umurwi w’intagondwa kw’isi ndetse unabuzwa gukorera ibikorwa vyawo mw’ico gihugu.

Sentare nkuru yo mu gihugu c’uburusiya yemeje kuri uyu wa kane ishirahamwe ry’aba LGBT, riharanira uburenganzira bw’abahuza ibitsina babisangiye ko ari umurwi w’intwagondwa kw’isi. Uwuzofatwa yagirizwa icaha co kuryamana n’uwo basangiye igitsina canke uwuzovugira uwo murwi w’abo bantu mw’ico gihugu azoca aciribwa urubanza rwo gupfa.

Umucamanza Oleg Nefedov arongoye iyo sentare nkuru yo mu burusiya yategetse ko ‘hemezwa nk’umurwi w’iterabwoba , ishirahamwe ry’aba LGBT hamwe no kubuza ibikorwa vy’uwo murwi ku butaka bw’igihugu cose c’uburusiya’.

Nefedev akaba yatomoye neza ko iryo buzwa ry’ibikorwa vya LGBT rica rija mu ngiro bunonyene.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe ivy’agateka ka zina muntu ntiryatevye kunegura iyo ngingo yafashwe n’ubutungane bw’uburusiya yo kubuza umurwi w’abaryamana basangiye ibitsina gukorera mu burusiya , aho yamenyesheje ko ‘ ata muntu numwe yarakwiye gufungwa kubera yavugiye canke yaharaniye agateka ka zina muntu canke ngo yakwe uburenganzira bwiwe bitewe n’insiguro igana ku vyo guhuza ibitsina canke ukwo umuntu aba yavutse aremwe’

Kuba uburusiya bwahaye izina abaharanira agateka k’abaryamana basangiye ibitsina nk’intagondwa ngo bigiye kuzozana ingaruka mbi mu vy’imibano hamwe no mu vyo guhana ivyaha mu gihugu c’uburusiya , nkuko vyamenyeshejwe mw’itangazo n’umukuru w’inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu , Volker Türk.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments