RWASA Agathon yabwiwe ico yokora kugira ashobore kuza aragirisha inama abamuyoboka

0

Imigambwe yose irarekuriwe gukora amanama iyo yakurikije amategeko, kiretse abatoje mu runani (Coalition) batavyemerewe kubera inani zemewe mu matora gusa, zigahera n’ico kiringo c’ukwiyamamaza. Ivyo ni ibishikirizwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Mu gihe Agathon RWASA icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, akaba n’uwatowe kw’izina ry’urunani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI ameze iminsi yankirwa kubonana n’abayoboke biwe, bamwe muri abo bayoboke bagatabwa muri yompi bagirizwa ko baremesheje inama zitemewe n’amategeko, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Therence NTAHIRAJA amenyesha ko RWASA Agathon yitoje nk’uwigenga, ibwirizwa rigenga amatora naryo rikavuga ko inani zemewe mu gihe c’amatora gose.

niho

Muri ubwo bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavuga ko amategeko atemerera RWASA Agathon ko abonana n’abanywanyi biwe bamutoye, kuko ata mugambwe afise umwitirirwa.

Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu abwira RWASA Agathon ko namba akeneye kubonana n’abanywanyi biwe, ko yoshinga umugambwe umwegukira, canke aje inama n’umukuru w’umugambwe FNL yaje avamwo, asabe gusubiramwo, kugira ashobore kuza arabonana n’abamuyoboka afise umugambwe uvyitirirwa.