Igihugu c’Uburundi cemeje icese ko kivuye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ivyoo bikaba vyemejwe n’abashingamateka b’Uburundi bagize amatora kuri uwu wa gatatu.
Inama nshingamateka y’Uburundi yemeje ko ico gihugu gikuye akarenge mu bihugu vyashize umukono ku masezerano ashinga sentare mpuzamakungu mpanavyaha, abashingamateka 94 akaba aribo bemeje ko Uburundi bwokura akarenge muri iy sentare.
Babiri muribo ntibatoye iyo nteguro y’itegeko, mu gihe abagera kuri 14 ataco bashimye kubivugako, muri abo hakaba harimwo Rwasa Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka.
Abashingamateka benshi bafashe ijambo bamenyesheje ko iyo sentare ataco imariye Uburundi, kuko ataco yigeze ivuga ku yandi mabi yakozwe imbere y’umwaka w’2015. Uburundi bwagiriza iyo sentare ko ikoreshwa n’ibihugu rutura bishaka kwaka ubwigenge Uburundi.
Umushikiranganji w’ubutungane, Aimee Laurentine niwe yari yagiye mu nama nshingamateka gusigura iyo nteguro y’itegeko yarungitsweyo na Reta, ikaba yemejwe ku bwinshi.
Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu iheruka kwemeza ingingo ishiraho umurwi w’amatohoza ku Burundi. Uwo murwi ufise ikiringo c’umwaka umwe kugira uzobe washize ahabona icegeranyo c’ivyo washitseko, mu kwerekana abakora ubugizi bwa nabi mu Burundi, hamwe n’ugushikiriza ivyokorwa kugira abazoba bagirijwe ubwo bugizi bwa nabi babibazwe.
Recent Comments