Rwasa Agathon : Abahunze bari bakwiye gutahuka

0

Agathon Rwasa, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi amenyesha ko yatahutse mu Burundi kugira yerekane ko ata migambi afise y’uguhunga igihugu. Kuvyo yari yavuzweko ko yahunze, Rwasa Agathon avuga ko ababikwiragije ari abatazi poritike, canke abatayikurikiranira hafi.

rwa

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uwu w’Imana ku kibuga c’indege ca Bujumbura, Agathon Rwasa yamenyesheje ko atiteguriye guhunga igihugu, ahubwo ko ababishoboye bose bokora kugira n’abahunze bagaruke.

sa

Muri ico kiganiro, yamenyesheje ko igaruka ryiwe mu Burundi ari ikimenyetso cerekana ko ata gushaka guhunga afise, kuko ku bwiwe, nta muntu n’umwe yamutegetse gutahuka.

Rwasa Agathon yatahutse ava mu gihugu ca Afrika y’epfo inyuma y’aho ubwiwe avugiye ko umutekano wiwe wifashe nabi, mbere ko amaze gutegurirwa gutegerwa, ariko akabimenya kare agaca ahindura inzira.