Igiporisi c’Uburundi ntaco cashikirije ku banyagihugu babandanya kugandagurwa

0

Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano amenyesha ko igiporisi c’Uburundi cashoboye kugarukana umutekano w’Uburundi ku bice 90 kw’ijana kuva mu ntango z’umwaka w’2015. Naho muri ubwo bushikiranganji ataco bavuga ku banyagihugu babandanya kwicwa, abaporisi baharurwa muri 34 nibo bavugwa ko bamaze kwicwa mu Burundi muri uwu mwaka w’2015.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, aho yariko ashira ahabona ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’umutekano arongoye, Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko imwe mu ntumbero ubushikiranganji bw’umutekano bwihaye mu 2015, ari ukurwanya ubukozi bw’ikibi n’iterabwoba mu Burundi.

buny

Alain Guillaume BUNYONI yagarutse ku gikorwa c’ugusaka ibirwanisho kibandanya mu Burundi, aho yemeza ko ibirwanisho bitandukanye vyafatanwe abanyagihugu batabifitiye uburenganzira, muvyafashwe akavuga inkoho z’ubwoko butandukanye zigera ku 614, amasasu ibihumbi 31286, ibikono vy’amasasu 408, amaradiyo yo gutumatumanako amakuru y’abajejwe umutekano 23, imyambaro y’abajejwe umutekano irenga 350 hamwe n’ibindi bikoresho.

N’aho umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI avuga ko umutekano w’Uburundi wifashe neza ku bice 90 kw’ijana, yamenyesheje ko kuva hatanguye imyeyerekano yahavuye ivamwo imigumuko, abaporisi bagera kuri 34 bishwe, abagera ku 293 nabo barakomereka, umunani muri abo bakomeretse bacika ibimuga. Mu gihe ibiziga vy’abantu bibandanya gutorwa mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi, Alain Guillaume BUNYONI ntaco yashikirije ku banyagihugu bamaze kwicwa kuva iyo myiyerekano itanguye, akaba yasiguriye abamenyeshamakuru ko ubushikiranganji arongoye bufise ibiharuro vy’abaporisi gusa, ko ivy’abanyagihugu vyobarizwa mu bindi bisata vy’inzego z’igihugu.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’umutekano muri ico kiganiro, abantu bagera ku 6229 nibo bamaze gufatwa, mu giporisi c’Uburundi bakavuga ko ari abagizi ba nabi. Muri abo bafashwe, abagera ku 4061 barahejeje gukorerwa amadosiye ashikirizwa ubutungane bw’Uburundi.