Rwanda: Mu muji wa Kigali mu misi hagiye kuza imodoka zitwara abantu mu kirere zitagira abashoferi.

0

Umuyobozi w-ikigo VUBA Corp, Paul Klahn yatangaje ko atangihindutse  mu myaka itanu iri imbere mu muji wa Kigali hagiye kuzoba imodoka zitwara abantu mu kirere kandi ntizizogira abashoferi.What's up next for Richard Garriott's Austin personal rapid transit pod  proposal? - Austin Business JournalWhat's up next for Richard Garriott's Austin personal rapid transit pod  proposal? - Austin Business Journal

Kubwa Paul klahn , amenyesha ko mu mwaka w-2024 ibikorwa bizoba vyatanguye ko kandi hazotangura gukenerwa gukoreshwa ibice 2/3 vy-umuji wa Kigali  ni ukuvuga ibirometero 140 vy-inzira zizokoreshwa n-izo modoka. Izo nazo zikazoba ziri hagati y-ibihumbi 2000  hamwe n-ibihumbi 3000. Uwo mugambi w-izomodokari zizogendera mu kirere uzotwara amafaranga angana n- umu miriyaridi umwe w-amadori y-abanyamerika.

Tubamenyeshe ko amasezerano y-uwo mugambi w-izomodokari zigendera mu kirere zizotwara abantu wateweko umukono  hagati y-umushikiranganji w-urwanda ajejwe ivy-inyubako Claver Gatete hamwe na Paul Klahn arongoye ikigo VUBA Corp kisanzwe kikomoka muri Leta ya Colorado iri muri Leta  Zunzubumwe za Amerika.