Abatari bake harimwo n-abamwe mu bashingamateka ntibabona ikimazi c- uburyo bw-umurengera buhabwa urwego rw-umuhuza.

0

Mu gihe yari yatumiwe mu nama nshingamateka kugira atange icegeranyo c-ivyaranguwe n-urwego arongoye mu mwaka w-2020, Umuhuza w-abarundi Edouard Nduwimana yarabajijwe n-abashingamateka kw-ikoreshwa ry-uburyo asanzwe ahabwa buri mwaka .  mur-ubwo , harimwo amafaranga arenga imiriyoni 18 z-amarundi zagenewe buri mwaka gusubirishamwo inzu asanzwe abamwo.Ndetse hakongerako  izindi miriyoni zirenga zine zigenewe gusubirishamwo inzu y-urwego akoreramwo.  Ico kibazo  kiri mucahagurukije umwe mu bashingamateka aho yabajije umuhuza w-abarundi ati :ˮizo  nzu zama zisubirishwamwo buri mwaka vyama bishika ntihagire  narimwe zigera zisa neza? Umuhuza w-abarundi yishuye ku kibazo c-uwo mushingamateka Jean Baptiste Nsindayigaya  yarahejeje kumubaza ko inzu asanzwe abamwo ndetse n-iyo urwego arongoye rukoreramwo  ari inzu baba bapanze kandi ziba zishaje ko rero zikenera kuguma zisubirwamwo.The Burundian ombudsman has presented the annual report of the achievements  of his institution – ABP

Kubwa Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM rijejwe gukangurira abarundi no guhindura ingendo kugira bashikire iterambere rirama, uburyo Leta iha urwego rw- umuhuza w-abarundi  ni amafaranga ariko apfira ubusa uravye ukuntu ata kintu kiboneka urwo rwego rumariye abanyagihugu b-bururundi aho ngo rwategerezwa kukora bigashimwa mu bibazo biza bihanga abarundi  nk-ivy-agateka ka zina muntu, gukwirikirana ibibazo bijanye n-ubusuma bw-amatungo bukorwa muri Leta , akarenganyo gakorerwa abarundi,.. Urwo rwego rugasabwa n-uwo arongoye ishirahamwe PARCEM ko rwokwikubita agashi hakaba impinduka iboneka mu bijanye n-iyubahirizwa ry-agateka ka zina muntu hamwe n-intwaro ibereye.