Kubw-inkuru dukesha iradiyo y-abongereza BBC,Umukuru w-igihugu c-u Rwanda Paul Kagame amenyesha igihugu arongoye kiriko gikorana n-abafatanyabikorwa ngo bazane uruganda rwa mbere rw-inkingo zikoresheje ubuhanga bwa mRNA muri afrika.
Ivyo akaba yabitangaje Perezida Paul Kagame mu kiganiro cabaye kuruwu wa kabiri kiraba ukwitegurira no guhangana ikiza ca Covid19 hakoreshejwe ubuhinga bwa none . Ico kiganiro cari kiyobowe n-umupfasoni Ellen Johnson, yigeze kurongora igihugu ca Liberia na Helen Clark yahoze ari umushikiranganji wa mbere w-igihugu ca Nouvelle Zellande.
Umunyamabanga wa Leta m-ubushikiranganji bw-amagara y-abantu yatangaje kuri Radiyo na tereviziyo vy-igihugu koˮ Leta iriko ishaka ukwo hatanguzwa mu Rwanda ikorwa ry–izo ncanco za Covid19‟.
Ikindi perezida Paul Kagame yavugiye mw-iyo nama yariko ibera k-ubuhinga bwa none, nuko ngo mu gihe umugabane wa afrika uzoguma uja kuhiga incanjo m-uburere butandukanye, afrika izoguma iri inyuma k-umurongo buri gihe ukwo izo ncanco zibaye nkeya.





Recent Comments