Leta y-uburundi ibicishije k-umushikiranganji wayo ajejwe imigenderanire n-ibindi bihugu Albert Shingiro yarandikiye ikete ryo kugabisha ubuserukizi bw-igihugu giharanira demokarasi ya Congo mu Burundi .
Intandaro y-iryo gabisha ni amatati bivurwa ko yavuye ku matongo y-ubuserukizi bw-uburundi mu gihugu ca Congo yoba yarihagiwe n-ico gihugu. Leta y-uburundi ikagabisha ko ubuserukizi bw-ico gihugu mu Burundi ko imbere y-itarike ya 31 kigarama 2021 atagikozwe , ivyo amatongo y-ubuserukizi bw-uburundi I Kinshansa ariko arakorerwa ni naco Leta y-uburundi izokora ku matongo y-ubuserukizi bwa congo ari I Burundi. Ni ukuvuga ko uburundi nabwo buzoca bwihagira amatongo y-ubuserukizi bwa Repubilika iharanira Demokarasi ya Congo mu Burundi.