UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

RDC: Ingabo za EAC zavuyeyo zose zidashikirije SADC ibice zahora zigenzura.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’ingabo za EAC zagiye mu butumwa bwo kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo ,Gen.Major Alphaxard Muthuri Kiugu , yatangaje kuri uyu wa gatanu ko abasirikare yarayoboye bose batashe badashikirije ingabo z’umuryango wa SADC ibice bahora bagenzura mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

Ingabo za nyuma za EACRF zavuye ku butaka bwa Congo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 21 Kigarama 2023. Izo nazo ni zari zasigaye ku biro bikuru vy’icicaro gikuru c’izo ngabo vyari mu gisagara ca Goma nkuko vyemejwe na Gen.Major Kiugu.

Gen.Major Kiugu yasiguye ko impamvu zatumye EACRF itashikiriza ingabo za SADC ibice yahora igenzura ko ari ukubera koi co gikorwa kitateguwe kandi ikindi ngo impande zompi ntizabiganiriyeko, ivyatumye umuhari M23 ubisubiramwo. Akaba yakomeje gusaba amakungu gushigikira kugira amahoro arama aboneke muri Congo , yongeye aboneraho kwipfuriza ingabo za SADC akazi keza.

Twobamenyesha ko ugutaha kw’ingabo za EACRF kwavuye mu ngingo yafashwe n’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC hari mu gisagara ca Arusha mu kwezi mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo 2023.Ico gihe humvikanywe ko ibice izo ngabo zizovamwo zizoca zibishikiriza ingabo z’umuryango wa SADC nkuko ubutegetsi bwa Perezida Tshisekedi bwari bwavyipfuje.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments