UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Rwanda : Cardinal Antoine Kambanda asaba abakirisu gusengera Ekleziya kuko ibangamiwe bikomeye n’abashaka kugarariza Imana.

Musenyeri mukuru wa Diyoseze ya Kigali akaba ari nawe arongoye inama nkuru y’abepiskopi katolika mu Rwanda, Cardinal Antoine Kambanda yaraye asavye abakirisu kuri uyu wa 24 kigarama 2023 igihe yararongoye igiteramo co kwigina Noweli cabereye muri Ekleziya yitiriwe umweranda Mikayeri ni mu gisagara ca Kigali ko bosengera Ekleziya muri ibi bihe kuko ibangamiwe bikomeye n’abantu bashaka kugarariza Imana babicishije mu mategeko agamije gusaba abaryamana basangiye ibitsina kuza bahabwa umuhezagiro na Ekleziya Katolika.

Cardinal Kambanda yabwiye abari bitabiriye ico giteramo cariko gikwirikanwa n’abantu isinzi ku mboneshakure:
«Turabangamiwe ni ugusenga. Bikiramariya i kibeho yaratuburiye ati ni mwihane, ni mwihane isi imeze nabi, musenge ata buryarya kandi musabire Ekleziya kuko ubuhakanyi buzoza bwiyoberanije usange bwaramaze kutwinjirana»

Mu ndwi twaraye tusozereye, Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’Inama nkuru y’abepiskopi katolika mu Rwanda, baratanze umuco ku biheruka gusabwa na Papa Francisco ku bijanye no guhezagira abaryamana basangiye ibitsina. Abo bepiskopi bakaba berekanye ko Ekleziya yo mu Rwanda idashobora guha umuhezagiro ku mubano w’ababana bahuje ibitsina kuko ngo vyoba bije kuvuguruza itegeko ry’Imana hamwe n’umuco mwiza wamye urangwa abanyarwanda.

N’ayandi madini ya katolika yo mu bindi bihugu nk’u Burundi, Zambiya,Malawi, Kenya,… yaramiriye kure kw’ivyo vyasabwe n’umwungere wa Ekleziya Katolika kw’isi ko abasaseredoti boza baha umuhezagiro uwo murwi w’abantu baryamana basangiye ibitsina. Abagize inama nkuru y’abepiskopi katolika bo mw’ivyo bihugu bakaba bashimangiye bose ko ivyo Papa Francisco yasavye biza binyuranye n’ijambo ry’Imana ukwo riri.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments