UBM News ads UBM News ads
Friday, June 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ekleziya Katolika yo mu Burundi nayone imenyesha ko itashobora guhezagira ababana basangiye ibitsina.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho ishengero katolika yo mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika hamwe n’ahandi ritanguriye kwiyamiriza ibiheruka gushikirizwa n’umwungere wayo kw’isi Papa Francisco aho asaba ko abasaseredoti boza bahezagira ababana basangiye ibitsina, Ekleziya Katolika yo mu Burundi ibicishije mu nama nkuru yayo y’abepiskopi yaraye nayone ivuye mu gacerere kw’ico kibazo aho yaraye isiguye ko ata musaseredoti yohezagira abo bantu baryamana basangiye ibitsina kuko ngo atari igicumuro gisanzwe ahubwo ari ivumwe ko kandi biteye kubiri n’imico myiza yamye iranga abarundi.

Mw’itangazo basohoye kuri uyu wa 22 Kigarama, abepiskopi katolika bo mu Burundi bagira bati:« iyo nyigisho y’igisata ca Papa kijejwe ukwemera katolika, itumbereye kwishura ikibazo c’uko iyo babisavye, ababana ari nk’umugabo n’umugore kandi bose ari abagabo canke abagore, canke n’abubakanye bidaciye mu mategeko ya Ekeziya, bashobora kuronswa umuhezagiro w’umusaseredoti nk’abubakanye»

Abo bepiskopi katolika bo mu Burundi baciye batanga ubutumwa buvuga ko «bitarekuwe kuronswa umuhezagiro ababana basangiye ibitsina » ndetse ngo «ukubana nk’umugabo n’umugore kw’abafise ibitsina bias, si igicumuro gisanzwe ahubwo ni ivumwe, kandi biteye kubiri n’ivyamye biranga imico y’abarundi»

Barongera bati :« Abantu bari mu gicumuro c’icese kandi baterekana nama ko boba bashaka kukivamwo, nta musaseredoti yobahezagira».

Yamara ariko abo bepiskopi barangiza bavuga ko kudaha umuhezagiro bene abo bantu Atari ukubaca muri Ekleziya katolika canke kubaheba kuko baguma ari abana bayo «Turategerejwe kubandanya tubitwararika kugira ngo bagume biyumva mu muryango kandi bashobora no kwigarura» Niko itangazo ry’iyo nama y’abepiskopi katolika bo mu Burundi ribandanya rivuga.

Tubamenyeshe ko Idini rya Katolika ryo mu bihugu vy’u Rwanda, Zambiya, Kenya, Malawi,… biyamirije urwandiko rwasohowe na Papa Francisco rutanga uruhusha ku basaseredoti kuhezagira ababana bahuje ibitsina. Abepiskopi katolika bo mw’ivyo bihugu bakaba basiguye ko ivyo biciye kubiri n’amategeko canke amabwirizwa y’Imana hamwe rero n’umuco mwiza wamye uranga ibihugu vyabo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments