UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

RDC:«Tshisekedi ntashobora kwigarurira na santimetero n’imwe aho turi» Major Willy Ngoma avugira M23.

Umuvugizi w’umuhari M23, Major Willy Ngoma yaraye akuriye inkoni ku gishitsi Perezida wa Congo Félix-Antoine Tshisekedi aho amumenyesha ko ata gace na kamwe mutwo M23 igenzura ingabo ziwe za FARDC zizopfa zigaruriye.

Uwo avugira uyo muhari urwanya Leta ya Congo yabitangaje kuri uyu wa 24 kigarama 2023 ubwo yariko avugana n’abanyagihugu bo muji wa Rutshuru ahabereye ibirori vyo kwitegurira umusi mukuru wa Noweli.

Willy Ngoma yagize ati :«Nibaza mu ntambara tuzobakubita. Tshisekedi ntashobora kwigarurira na santimetero n’imwe aho turi»

Mu gihe yariko arangiza imyiyamamazo yiwe yo mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka kuba kuwa 20 kigarama 2023, Perezida Tshisekedi yijeje abanye Congo ko nibamutora azirukana umuhari M23 mu duce twose igenzura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments