Umukuru w’igihugu c’uburundi yibutsa ko ababitse mu mazu yabo amafaranga ko atarayabo ahubwo ari ay’igihugu.Perezida Ndayishimiye yabitangaje kuri uyu wa gatanu mu nyigisho zo gukunda no gukundisha igihugu zabaye ku barongozi bakuru bakuru mu gihugu.
Mw’izo nyigisho, Umukuru w’igihugu c’uburundi akaba yaboneyeho kuvunira akagohe ku bafise amafaranga mvamakungu mu mazu yabo ko boyanyarukana mu ma banki canke ngo bitabaye uko bakazokwikangura basanga atagaciro agifise.
Tubibutse ko Perezida Ndayishimiye yaramaze igihe yidoga ndetse anagabisha k’uwo wese yanyegeje amafaranga mu nzu yiwe ko hamwe atoyagarukana muri Banki agiye kuzosanga yamubanye ibipapuro. Ni navyo biriko biraba iki gihe kuva kuri uyu wa gatatu aho ibanki nkuru y’igihugu BRB itangarije ko ihinduye inoti z’ibihumbi cumi n’iza bitanu, maze abagifise izo noti za kera basabwa kuzinyarukana mu ma banki bitarenze kuwa 18 Ruheshi 2023. Mu gihe ingingo ya BRB itomora ko mw’ico kiringo c’imisi cumi atawuzorenza imiriyoni ijana z’amarundi, biraboneka ko abanyegeje mu mazu yabo amafaranga y’umurengera , agiye guca abapfirako.
Recent Comments