UBM News ads UBM News ads
Sunday, May 19, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye aridogera abafasha uburundi kuba batizera Leta yiwe maze bagahitamwo gucisha imfashanyo mu mashirahamwe akorana n’abanyagihugu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi aridogera abasanzwe bafasha uburundi ko badashigikira imigambi ya Leta yo guteza imbere igihugu nkuko iba ibishaka. Ngo bikagaragarira ingene ibihugu n’amashirahamwe bitashima guha imfashanyo yavyo Leta ahubwo bikayiha amashirahamwe akorana n’abanyagihugu.Perezida Ndayishimiye yabivugiye mw’iy’indwi turiko tusozera i New-york mu nama ya bose igira 78 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Perezida Varisito Ndayishimiye yagize ati :
«ikibabaje n’uko imfashanyo zo guteza imbere igihugu zategerezwa gufaha Leta mu bijanye n’akigoro kayo mu bijanye ko kurondera imibereho myiza y’abanyagihugu zagiye ziraherengetera bukebuke maze zisubirizwa n’imfashanyo zihabwa n’abatari muri Leta ku nyungu za politike z’ibihugu zitanga imfashanyo. Ugufatana mu nda kw’ibihugu kwategerezwa ko ibihugu biteye imbere gufasha bimwe ibihugu bitaratera imbere mu vy’imibano no mu vy’ubutunzi . (…) naho hari izo ntambamyi, uburundi buguma bwizeye ko muri iy’inama izofasha mu kugarukana icizere mu bindi bihugu vyogirira igihugu canje kandi hakajamwo inguvu nshansha mu bijanye no gufatana mu nda mu kw’ibihugu»

Kw’iryo jambo Perezida Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 78, Abize ivy’ubutunzi bobo babona banyabuna ko Leta y’uburundi yarikwiye kwikubita agashi mu gukoresha neza imfashanyo iba yahawe kugira abasanzwe bafasha uburundi bayizere, Ikindi, ngo igategerezwa gukora ibiboneka bigaragaza intwaro ibereye .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments