Umukuru w’umurwi w’abacangero b’uburusiya Wagner, Yevgeny Prigozhin , yari ku rutonde rw’abari mu ndege yakorotse kuri uyu wa gatatu maze ikica abari muriyo bose, nkuko bitangazwa n’urwego rw’uburusiya rujejwe indege zisanzwe.
Nkuko tubikesha iradiyo y’abongereza BBC, urubuga rwa telegram Grey zone rusanzwe rukorana na wagner , rwari rwatangaje ko iyo ndege yo mu bwoko bwa Embraer yarashwe n’ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere mu ntara ya Tver, mu buraruko bwa Moscou. Iyo ndege ikaba yariko iva Moscou yerekeza i St Petersburg, yaririmwo ingenzi indwi n’abayigendesha batatu.
Grey zone yavuze ko ababa muri ako karere bumvise kourwamo kabiri imbere y’uko indege ikoroka kandi babona imirongo ibiri y’imyotsi. Ariko itororokanirizo ry’amakuru Tass rya Leta y’uburusiya ryatangaje ejo ko iyo ndege yatse umuriro isetse hasi, yongerako ko ibiziga bibiri bimaze gutorwa.
Tubamenyeshe ko Yevgeny Prigozhin yaheruka gukora imigumuko mu kwezi kwa Ruheshi , avana ingabo ziwe mu gihugu ca Ukraine maze aca afata igisagara ca Rostov on Don kiri mu bumanuko bw’uburusiya, aca akangisha ko agiye guca ashika i Moscou. Ivyo yabikoze haheze amezi hari icuka kibi hagati yiwe n’abategetsi b’igisirikare c’uburusiya ku bijanye n’intambara muri Ukraine.
Recent Comments