Ibiziga bitatu harimwo ic’umukenyezi biboneka ko yaciwe umutwe hakoreshejwe umupanga vyaratowe kuri uyu w’Imana mu masaha yo ku mugoroba mu gacimbiri Rugomero , no ku mutumba Rukana ya kabiri, muri komine ya Rugombo mu ntara ya Cibitoke. Urwaruka rw’imbonerakure, rwegamiye umugambwe CNDD-FDD ruradomwako urutoke kuba ruri inyuma y’ubwo bwicanyi nkuko bimaze igihe vyibonekeza ku bundi bwicanyi bumaze gukorwa ku bantu bicwa baturutse mu gihugu kibanyi ca Congo binjira mu Burundi baciye mu makomine y’intara ya Cibitoke ahana urubibe n’ico gihugu.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi, n’uko musitanteri wa komine Rugombo yahavuye anyarukira ahatowe ivyo biziga aherekejwe n’imbonerakure. Akaba ngo yaciye ategeka guhamba ivyo biziga mu buryo bwihuta.
Amasoko mu vy’umutekano yiganiye Sos Médias Burundi avuga ko « abo bishwe boba bari baturutse muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo kandi ko bagerageje kwirwanira biba ivy’ubusa». Ayo masoko nyene akavuga ko ubwo bubisha bwama bwagirijwe abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
Tubamenyeshe ko mu kiringo kitarenga amezi atanu gusa, ibiziga umunani biriko birabora, vyaratowe ku ruzi Rusizi, rugabura uburundi n’igihugu kibanyi ca Congo. Abanyagihugu bo mu bice biguma bitorwamwo ivyo biziga basaba abajejwe intwaro gukora ibikenewe kugira ngo bahagarike ubwo bwicanyi.
Recent Comments