Umushikirizamanza mukuru wa Republika , Léonard Manirakiza , yarandikiye kuwa 14 Myandagaro 2023 umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu BRB amusaba guhagarika ibikorwa vyose bikoreshwa ku ma konte ya Alain-Guillaume ari mu ma banki yose ari mu Burundi hamwe no mu zindi zose zikora ivy’amafaranga nk’ama ‘microfinance’.
Mw’iryo kete, Léonard Manirakiza asigura ko iyo ngingo yafashwe kugira amatohoza agende neza ku bijanye n’ivyaha uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yagirizwa. Bisigura ko Bunyoni canke umuryango wiwe ntibemerewe kubitsa canke kubikura amafaranga ku ma konte yiwe.
Inyuma y’indwi imwe, Dieudonné Murengerantwari arongoye BRB nawe yaciye yandikira kuwa 22 Myandagaro amabanki na za ‘microfinance’ azimenyesha iyo ngingo ihagarika gusubira gukoresha amakonte ya Bunyoni .
Alain-Guillaume Bunyoni yafashwe mu kwezi kwa Ndamukiza uno mwaka. Ubu akaba afungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega. Yagirizwa ivyaha bitanu arivyo: guhungabanya umutekano w’igihugu, kubangamira ubutunzi bw’igihugu, kurondera inyungu z’akazi zidaciye mu mategeko, gutunga ibirwanisho atabifitiye uburenganzira hamwe rero n’icaha co gutuka umukuru w’igihugu.
Recent Comments