UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Inzandiko bita ‘tract’ zitirira umurwi w’abasirikare n’abapolisi bashaka impinduka mu Burundi zatowe ahatari hake mu gihugu.

Inzandiko zitagira umukono zitirirwa umurwi w’abasirikare hamwe n’abapolisi bavuga ko bashaka impinduka mu gihugu zavyutse zitorwa kuri uyu wa gatanu mu mihingo itandukanye y’uburundi. Hagati aho ikinyamakuru Ikiriho cegereye ubutegetsi bwa CNDD-FDD cari casubiriye kwandika mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane giteguza abantu ko hari uturwi twiteguye gukwiragiza inyandiko zitagira umukono mu gihugu cose kugira dusamaze abanyagihugu bahisemwo gukurikira imigambi myiza y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2040-2060.

Ikiriho, ni urubuga rukoreshwa mu gutanga amakuru ku mbuga ngurukanabumenyi aho bisanzwe bizwi n’abatari bake ko rwegereye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD . Haraheze imisi 60 hari kuwa 1 Gitugutu 2023 , Ikiriho carashikirije amakuru avuga ko hariho umurwi w’abantu woba witeguriye gukwiragiza inyandiko zitagira umukono ngo bagamije gutoba umugambi wa Perezida Ndayishimiye wo guteza imbere igihugu. Bukeye mu bice bitandukanye vy’igihugu haratowe inyandiko zitagira umukono zivuga ko zanditswe n’umurwi w’abasirikare n’abapolisi bahurikiye muri komite iharanira impinduka mu Burundi. Muri make, uwo murwi wavuga ko ata basirikare boja muvyo guhirika ubutegetsi bwa Perezida Ndayishimiye ariko ko worindira ukazobabwira ivyo gukora.

Mw’iri joro ryakeye, Ikiriho casubiriye kwandika ubutumwa busa nk’ubwo canditse kuwa 1 gitugutu uheze, bwakeye kuri uno wa gatanu hatorwa izindi nyandiko zivuga ko ari za wa murwi nyene. Uno musi uwo murwi uvuga ko ugizwe na komite y’abasirikare n’abapolisi baharanira impinduka mu gihugu wavuze mw’itangazo ryawo ivyo wise ‘Amagorwa abasirikare b’abarundi barimwo muri kino gihe’. Washimikiye ku mafarango yabo ngo udahabwa neza nko mu baja mu gihugu ca somaliya mu gikorwa co kugarukana amahoro , uturusho tw’abasirikare b’abarundi hamwe n’imiryango yabo bataronswa nkuko bigirizwa hamwe n’amagorwa y’abasirikare b’uburundi barimwo muri kino gihe mu gihugu ca Congo mu ntara ya kivu y’uburaruko.

Bamwe n’abandi baratangazwa cane n’ukuntu ivyo ikinymakuru Ikiriho kiba canditse ku mbuga ngurukana bumenyi biheza bikaba bukeye ariko ntihaboneke igikorwa cakozwe n’igipolisi be n’urwego rw’iperereza kugira bateshe ivyo biba vyatangajwe canke ngo hakorwe amatohoza ahubwo bikaba ukuri kwamye, Ari nakwo abatari amakenga ari menshi bakabona ko ubutegetsi hamwe n’ikiriho vyoba biri inyuma y’izo nyandiko zikwiragizwa mu gihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments