UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Rusansuma yerekanye abakozi barenga 1400 bo mu bushikiranganji bw’indero bahembwa badatonda ku kazi.

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi Venuste Muyabaga amenyesha ko basanze abakozi bangana ni 1504 bo mu bushikiranganji bw’indero bahembwa badakora n’inyuma yaho hakozwe rusansuma yakozwe n’abahinga batumweko n’ubushikiranganji bwa mbere.abo rero imishahara yabo ikaba yamaze guhagarikwa.

Umushikiranganji w’abakozi agira ati:«tuboneyeho kumenyesha abenegihugu muri rusangi n’abakozi ba Leta cane cane abakorera mubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi ko muri rusansuma rwakozwe n’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bufashijwemwo n’abahinga bashizweho n ‘ibiro vy’umushikiranganji wa mbere rwashize ahabona abakozi bashika1504 bakekwa ko batari kukazi.muri abo abagera kuri 1405 nibo bahembwa biciye mubushikiranganji bw’abakozi n’akazi twasanze abakozi 296 imishahara yabo yari yamaze guhagarikwa kumvo zitandukanye.nico gituma abakozi bashika 1109 basigaye kuri urwo rutonde rw’abakekwa ko bahembwa batari kukazi twabahagarikiye imishahara yabo muri uku kwezi kwambere».

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments