UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Indege 5 nizo zigiye kugurwa na Buramatari w’intara ya Ngozi na Kayanza

Buramatari w’intara ya Ngozi Desiré Minani amenyesha ko mu mwaka wa 2030 intara ya Butanyerera izoba yaguze indege 5 kandi ngo uwo mugambi bazowushikako.akaba yabimenyesheje uyu musi aho iyo ntara ya Ngozi yari iramutse ishikiriza ivyaranguwe mu mwaka wa 2023.

Kugira uwo mugambi ushoboke Buramatari w’intara ya Kayanza Rémy Cishahayo nawe yavuze ko uwo mugambi wo kugura indege mu Kayanza bawuhagaritse kugira ngo bifatanye nabo mu ntara ya Butanyerera kubandanya umugambi wo guteza imbere iyo ntara nshasha.

Buramatari w’intara ya Kayanza akaba yahimirije abavuka mu ntara arongoye kuja kwubaka amazu akomakomeye kandi agerekeranye nk’igorofa 20,barime imyonga yose,bubake amabarabara meza kandi akomeye.

Abo barongoye izo ntara 2 bavuga ko atayindi ntara n’imwe muri nshasha buca zijaho izobacako imbere mw’iterambere kubw’ivyo bahamagarira ababa muri zo ntara gufatana munda bakorere hamwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments