UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

OLUCOME iragabisha ko umwanya n’umwanya amazi y’ikiyaga Tanganyika ashobora kuduga akonona ibintu vyinshi

Ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya abarya ibiturire hamwe n’abasesagura amatungo ya Leta riragabisha abanyagihugu bo muma karitiye yegereye ikiyaga Tanganyika ko umwanya n’umwanya amazi y’ico kiyaga ashobora kubatera kandi akonona ibintu vyinshi.ishirahamwe Olucome ryabishikirije mu kiganiro ryahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu.

Umuvugizi w’ishirahamwe Olucome Jean Nduwimana yamenyesheje ko amakaritiye ashobora kubangamirwa cane ari:karitiye Aziyatike,kabondo,kibenga na Kajaga.iryo shirahamwe rikaba risaba Leta ko ikwiye gushiraho vuba umurwi w’abahinga bigenga ataho bahengamiye kugirango bige uko bokwirinda ingaruka zose zoterwa n’ayo mazi mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu n’ivyabo.

Jean Nduwimana akaba yasavye kandi ko abanyagihugu begereye hafi y’ikiyaga amazi yamaze gushikira inyubakwa zabo ko boba barakinjura bakaja kurondera aho baba barakika umusaya bashire utuntu twabo.Yarangije asaba Leta gushiraho vuba umurwi uzoba ujejwe kwimura abanyagihugu no gukingira ibintu vyabo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments