UBM News ads

Tanzaniya:hategekanijwe imyiyerekano uyu musi yatumweko n’umugambwe CHADEMA.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umugambwe CHADEMA utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Tanzaniya waraye uhamagaje imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi n’itotezwa biri gukorerwa abanywanyi bawo.iyo myiyerekano ikaza gutangura isaha zitatu z’igitondo uyu musi igenekerezo rya 23 nyakanga 2024 nkuko bishikirizwa na Freeman Mbowe arongoye uwo mugambwe.

Umukuru w’umugambwe CHADEMA utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Tanzaniya Freeman Mbowe yaraye ahamagaje imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi no guhagarika abanywanyi bawo bamwe bakaburwa irengero bimaze imisi vyibonekeza mu gihugu ca Tanzaniya.

Nkuko yabishikirije ku musi w’ejo kurubuga rwa Twitter,Mbowe yavuze ko bahisemwo gukora imyiyerekano y’amahoro kugira bibuke abanywanyi bawo bamaze kwicwa abandi baranyuruzwa baburirwa irengero.

Mbowe yamenyesheje kandi ko bamenyesheje igipolisi ko bazokora imyiyerekano y’amahoro ariko ko batararonka ikete ribibemerera.

Mbowe akavuga kandi ko bahisemwo imyiyerekano kugira basabe Leta gukora amatohoza ku banywanyi ba CHADEMA bamaze imisi bicwa abandi bakanyuruzwa cane cane Mbowe avuga ku rupfu rubabaje rw’umunyamabanga mukuru Ally Mohamed kibao aherutse gutorwa ari ikiziga i dar-es salaam.

Mbowe asaba ko abanywanyi ba CHADEMA bagipfunzwe borekurwa aribo:Deusdetith soka,Dioniz kipanya,Jacob Mlay na Mbwana kombo. Ku musi w’ejo rero Mbowe Akaba yateye akamo aba tanzaniya Bose baba abanywanyi ba Chadema n’abatari abanywanyi kwitabira imyiyerekano.

Naho biruko mu gipolisi bobo bavuga ko bamaze kugabisha abarongoye umugambwe Chadema kwirinda kugumura abantu ko bitemewe.ibi vyashikirijwe n’umuvugizi w’igipomisi David Misime kuwa gatanu igenekerezo rya 15 nyakanga 2024.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments