Rusama 2018 Niho Itora Kw’Ibwirizwa-Shingiro Kwitezwe.

0

Nk’uko umugwi ujejwe gutegura amatora CENI( Commission électorale nationale Indépendente) waraye ubimenyesheje, amatora mu banyagihugu yitezwe ku bijanye no kwemeza ko ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa canke ritohinyanyurwa vyitezwe muri Rusama 2018, bikaba vyavuzwe na CENI mu nama n’abajejwe ivy’amatora.

Pierre Claver Ndayicariye, umukuru wa CENI, yamenyesheje ati: “ Dufise umugambi wo gukora akamarampaka( amatora) ku bijanye n’ibwirizwa shingiro muri Rusama 2018, ariko rero itariki nyezina ikaba izomenyekana igihe hazosohoka itegeko ry’umukuru w’igihugu rivuga ivyerekeye iyo tariki; niko Xinhua Online ibimenyesha.

Pierre Claver Ndayicariye akaba yamenyesheje iryo tangazo mu nama yakoranye ejo ku musi wa gatanu itariki 15 Kigarama 2017 n’abajejwe ivy’amatora, harimwo n’abaserukira imigambwe yabo, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike hamwe n’imigwi y’amadini.

Mu gihe isekeza ryo gutora ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ryatangujwe n’umukuru w’igihugu, Pierre Nkurunziza mu Ntara ya Gitega ku musi wa kabiri muri komine Bugendana, integuro nshasha y’ibwirizwa Shingiro ntiribuza ko Pierre Nkurunziza yitoza kandi gutwara Uburundi mu kindi kiringo c’imyaka indwi.